Abantu ntibashobora guhitamwo kumwe,Ntibashobora kwiyumvira kumwe,Ntibashobora kuraba kumwe kubera ko kuri bamwe intumbero si imwe.Nico gituma ngomba mpumurize umukobwa canke umuhungu atarahitamwo,hariho amahirwe menshi.Mukobwa ntuzobura uwuguhitamwo namba.Imana izokuzanira umuntu akunda uko nyene winumiye canke uko nyene ushwashwanutse.Ivyo urya atakunze yinumiye nivyo uwundi azogukundira.Naho abantu batiyumvira kumwe,naho badaha agaciro bimwe,naho batabona kumwe,Abana b’Imana,hariho intumbero imwe twese dusangiye yo kuja mw’Ijuru.Ari naco gituma ugize ihitamwo ribi,uru rugendo rurashobora kukunanira bidatevye.Kubwo iyo ntumbero duhurirako,bituma umukizwa wese agira ihitamwo rifatiye kw’Ijambo ry’Imana.
Veuillez contacter la PEFE pour recevoir l'enseignement entier.